Burundi bwacu

Burundi Bwacu
Burundi Buhire
Shinga icumu mu mashinga
Gaba intahe y’ubugabo kubugingo.
Warapfunywe ntiwapfuye,
Warahabishijwe ntiwahababuka.
‖: Uhagurukana :‖ (×3) ubugabo urikukira,
Ukomerwa amashi n’amakungu,
Uhabwe impundu n’abawe
‖: Isamirane mu mashinga. :‖

Burundi bwacu ragi rya basokuru
Ramutswa intahe n’ibihugu
Ufatanije ishaka n’ubuhizi.
Vuza impundu
Wiganzuye ‖: uwakuganza. :‖

Burundi bwacu,
Nkora mutima kuri twese
Tugutuye amaboko, umutima n’ubuzima
Imana yakuduhaye ikudutungire.

Horana ubumwe n’abagabo n’itekane.
Sagwa n’urweze
Sagwa n’amahoro meza.

‹ back to Africa